Uko wahagera

Urunani Kira-Burundi Rwagiriza CENI Gushaka Kuruvana mu Matora


Domitien Ndayizeye azoserukira urunani Kira Burundi mu matora yo mu kwa gatanu
Domitien Ndayizeye azoserukira urunani Kira Burundi mu matora yo mu kwa gatanu

Urunani Kira-Burundi rwagiriza umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ugushaka kuruvana mw'ihiganwa ry'amatora yo mu kwezi kwa gatanu.

Aloys Baricako arongoye urwo runani mw’itangazo yasohoye yadondaguye twa sorobo abona mu kungene CENI ifata urwo runani.

Yabisiguye yishimikije ingingo z’ibwirizwa nshingiro, izigenga imigambwe n’ibwirizwa ritunganya amatora zivuga ko umugwi CENI utegerezwa gutunganya amatora ata musunikano kandi wigenga, wubahiriza bose kandi ata ka mwana wa mama ushizemwo.

Umugwi CENI urahakana ivyo wagirizwa n’urwo runani rutavuga rumwe n’ubutegetsi. Pierre Claver Kazihise, umukuru wawo yabigarutseko ku musi wa gatanu w’indwi iheze mu nama yagiranye n’abanyepolitike n’abakuru b’imigambwe.

Urunani Kira-Burundi rwahisemwo Domitien Ndayizeye ngo abe ari we azoruserukira mu matora yo mu kwa gatanu. Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yarenganuye Domitien mu ndwi iheze, aho yari yayituye inyuma y'aho CENI yankiye Dosiye yiwe.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:24 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG