Uko wahagera

Burundi: Bane Barimwo Domitien Ndayizeye Bankiwe Kuzokwitoza


Perezida Domitien Ndayizeye yahoze ari perezida w'Uburundi aramutsa abanywanyi biwe ku murwa mukuru Bujumbura.
Perezida Domitien Ndayizeye yahoze ari perezida w'Uburundi aramutsa abanywanyi biwe ku murwa mukuru Bujumbura.

Umugwi utegura amatora mu Burundi, CENI, washize ahabona kuri uyu wa kabiri abakandida bakwije ibisabwa n’amategeko kugira bazokwitoze mu matora yo mu kwezi kwa gatanu kuza.

Uwo mugwi watangaje ko abakandida 4 bakuwe mw’ihiganwa kuko hari ivyo batashize muri dosiye zabo. Nabo ni: Jacques Bigirimana ku bw’umugambwe FNL, Anicet Niyonkuru ku bw’umugambwe CDP, Domitien Ndayizeye ku bw’urunani Kira n’uwigenga Valentin Kavakure.

Umugwi CENI wavuze ko mw’ihiganwa hasigayemwo 6 : Evariste Ndayishimiye w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Rwasa Agathon wa CNL, Gaston Sindimwo wa Uprona, Léonce Ngendakumana ku bwa Frodebu n’abigenga babiri Francis Rohero na Dieudonné Nahimana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG