Uko wahagera

Uruhara rw’Ishirahamwe, “ELE Rwanda”ry’Imikangara y’Abanyarwanda Ifise Ivyiyumviro Vyerekeye Iterambere


Yves Iradukunda, Umukuru w'Ishirahamwe, "ELE Rwanda"
Yves Iradukunda, Umukuru w'Ishirahamwe, "ELE Rwanda"

Uwuyoboye ishirahamwe, “ELE Rwanda”, Yves Iradukunda avuga kw’icatumye bashiraho iryo shirahamwe ar’ukugira bafashe abakiri bato kwiteza imbere

Ishirahamwe, “ELE Rwanda” riteza imbere imikangara y’Abanyarwanda ifise ivyiyumviro bijanye n’iterambere rikongera rikagerageza kubahuza n’abanyamitahe kugira babafashe guteza imbere ivyiyumviro vyabo.

Uwuyoboye ishirahamwe, “ELE Rwanda”, Yves Iradukunda avuga kw’icatumye bashiraho iryo shirahamwe ar’ukugira bafashe abakiri bato kwiteza imbere n’ukugira uruhara mw’iterambere ry’igihugu cabo.

Ishirahamwe, “ELE Rwanda” ryatanguye ibikorwa vyaryo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’2011.

Ishirahamwe, “ELE Rwanda” rifise icicaro muri Oklahoma Christian University mu ntara ya Oklahoma ngaha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ku bindi twumvirize, Yves Iradukunda:

XS
SM
MD
LG