Uko wahagera

Uruhagarara Rurarabandanya muri Belarusiya


Prezida wa Belarusiya, Alexander Lukashenko yabonanye uno musi ku wa mbere na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin i Moscou mu gihe uruhagarara rubandanya mu gihugu ciwe. Ni bwo bwa mbere babonanye kuva imyiyerekano yadutse muri Belarusiya. Lukashenko yagiye mu Burusiya mu ntumbero y’ukurondera gushigikirwa na Prezida Putin.

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka muntu rwamenyesheje ko ruzogirisha ibiganiro vyihutirwa ku ruhagarara ruri muri Belarus. Abanyabelarusiya 100000 barihereje amabarabara ku murwa mukuru, Minsk ku musi w’Imana mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Prezida Lukashenko inyuma yuko atangaje ko yatsinze amatora yabaye mu kwezi guheze.

Abatavuga rumwe nawe bamenyesheje ko ayo matora yibwe. Bavuga ko ayo matora yabaye kw’italiki 9 y’ukwezi kw’umunani yatsinzwe na Sviatlana Tsikhanouskaya, umwe mu bayobozi bakomeye b'abatavuga rumwe na Reta. We n’abandi banyapolitike batavuga rumwe na Reta baratawe mu mvuto canke barahunga igihugu kuva ico gihe. Tsikhanouskaya yahungiye muri Lithuania.

Prezida Lukashenko yariyamirije ibivugwa ko amatora yibwe. Amenyesha ko ibihugu vy’bihangange vyo mu mahanga ari vyo biri inyuma y’imyiyerekano iriko iba mu gihugu. Igipolisi catangaje ko cahagaritse abari mu myiyerekano barenga 400 ku murwa mukuru, Minsk. Ico gikorwa kikaba carabandanije ku muhingamo wo ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG