Uko wahagera

Ubulaya Bushobora Gufatira Abategetsi ba Biyelorusiya Ibihano


Sviatlana Tsikhanouskaya, umunyapolitike utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Biyelorusiya
Sviatlana Tsikhanouskaya, umunyapolitike utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Biyelorusiya

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya wanse kwemera itorwa rya Perezida wa Biyelorusiya, Alexandre Loukachenko.

Ibihugu 27 bigize umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya vyavuze ko bitemera ivyavuye mu matora Perezida Alexandre Loukanceko acemeza ko yatsinze, inyuma y'aho Sviatlana Tsikhanouskaya, umwe mu banyepolitike bakomeye mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Belarusiya yari yandikiye uwo muryango awubwira ko utohirahira ngo wemeza amatora yibwe.

Mu nama idasanzwe kuri ico kibazo kuri uno wa gatatu, umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya wagabishije ko ushobora gufatira ibihano abategetsi bose bakekwa kuba baragize uruhara mw’ “Iyibwa ry’ayo matora atariko avugwako rumwe”, n’abahohoteye abiyerekanye basaba ko Perezida Lukashenko atanga ubutegetsi.

Uwo muryango wasavye kandi ko abanyagihugu bagera ku bihumbi indwi bafatiwe mu myiyerekano yaguyemwo babiri igakomerekeramwo abagera kw’ijana barekurwa.

Loukachenko, amaze imyaka 26 atwara yemeza ko yatahukanye intsinzi ku majwi agera kuri 80 ku ijana. Umupfasoni Svetlana w’imyaka 37 iyo ari mu buhungiro muri litwaniya yemanga ko ari we yatahukanye intsinzi agasaba ko ayo matora asubirwamwo.

Mu kiganiro Perezida w’Uburusiya, Vladmir Putin yagiranye kuri terefone na Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, co kimwe na Chanceliere w’Ubudagi Angela Merkel, ejo ku wa kabiri yabasavye kutivanga mu vya Belarusiya. Putin twibutse ko ari soma mbike wa Perezida Loukachenko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG