Uko wahagera

Prezida Hollande Yasezeranye ko Reta ya Kisilamu Igiye Gutuzwa


Prezida Francois Hollande w'Ububufaransa, i buryo, m'urugendo rwiwe muri Iraki
Prezida Francois Hollande w'Ububufaransa, i buryo, m'urugendo rwiwe muri Iraki

Prezida Francois Hollande w’Ubufaransa yatangaje ko Reta ya Kisilamu izokubitwa hasi mu minsi ir’imbere. Ivyo Prezida Hollande yabitangarije m’urugendo rwiwe rw’umunsi umwe, mu gihugu ca Iraki, urugendo rwahuriranye n’igitero c’umu kamikaze cabereye kw’isoko rikomeye riri mu gisagara ca Bagdad, gihitana abantu bashika kuri mirongo itatu na babiri.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, Haider al-Abadi, umushikiranganji wa mbere wa Iraki yavuze ko uwo mwiyahuzi yaje nkuwipfuza gutanga akazi, niko guturitsa amabombe. Prezida Hollande yabonye kandi na mugenzi we wa Iraki, Prezida Fuad Masum, yongera agendera akarere ko m’uburaruko ka Kurdistani, aho yabonanye n’abategetsi bo mur’ako karere.

Igihugu c’Ubufaransa kiramaze gukora ibitero vy’indege bitari bike ku bagwanyi ba Reta ya Kisilamu bari muri Iraki na Siriya, ibitero bufashanya na Amerika. Ubufaransa buramaze gutanga kandi inyigisho n’ibikoresho ku basirikare ba Iraki. Bukaba bufise abasirikare bashika ku majana atanu bakorera aho muri Iraki.

XS
SM
MD
LG