Uko wahagera

Ikibazo c’Abakenyezi Bafatwa ku Nguvu Muri Congo


Abakenyezi bafashwe ku nguvu muri Congo, bararonse akaryo ko kwiganira ivyabashikiye abagize sentare nkuru ya ONU, mu ntara ya Bukavu, m’ubuseruko bwa Congo.

Ku musi wa kane, igenekerezo rya 30 z’uku kwezi kw’icenda, abakenyezi bafashwe ku nguvu muri Republike ya Congo Iharanira Demokarasi, bararonse akaryo ko kwiganira abagize sentare nkuru ya ONU ivyabashikiye. Ico gikogwa caranguriwe mu gisagara ca Bukavu, m’ubuseruko bwa Congo-Kinshasa.

Ishirahamwe ONU riritaho bikomeye ikibazo c’abakenyezi bafatwa ku nguvu, Rikavuga ko ico kibazo kiriko kirakwira hose nk’ingwara y’akaranda, cane cane inyuma y’uko abogore, abagabo, n’abana bashika 300 baherutse gushuiikirwa n’ivyo vyago, mu gitero c’abagwanyi cabaye mu ntara ya Kivu yo m’uburaruko.

Gushika kw’igenekerezo rya 10, ukwezi kw’icumi, muri uyu mwaka wi 2010, abacamanza bagize ugwo gwego gwa sentare nkuru ya ONU bazotemberera intara zo m’ubuseruko bwa Congo zitari nke, aho bazotororokanya ivyemezo vyerekeye ivyashikiye abo bantu.

Ugwego gwa ONU rujejwe guharanira agateka ka muntu gwatangaje ko abafashwe ku nguvu bazokwigana ivyabashikiye, hanyuma bagahanahaa ivyiyumviro ku vyerekeye ingene ubutungane bwifata kuri ico kibazo, ingene abahuye n’izo ngorane bakigwa kwa muganga, n’ingene babonwa n’imiryongo yo mu karere baherereyemwo.

Ishirahamwe ONU ritegekanya kwihweza ibizoba vyavuye mur’iryo tohoza kw’igenekerezo rya cumi na kabiri ry’ukwezi kw’icumi, mu nama idasanzwe izokoranira i Kinshasa.

XS
SM
MD
LG