Uko wahagera

Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu F-M-I, Dominique Strauss-Kahn Yarahagaritswe mu Gisagara ca New York


Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu F-M-I, Dominique Strauss-Kahn Yarahagaritswe mu Gisagara ca New York
Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu F-M-I, Dominique Strauss-Kahn Yarahagaritswe mu Gisagara ca New York

Dominique Strauss-Kahn yagirijwe ko yagerageje kudyamana n’umupfasoni yakora mw’ihoteri yarimwo, Sofitel

Umuyobozi mukuru w’ikigega mpuzamakungu F-M-I, Dominique Strauss-Kahn yarahagaritswe mu gisagara ca New York akaba yagirijwe ko yagerageje kudyamana n’umupfasoni yakora mw’ihoterI yarimwo, Sofitel.

Umuvugizi w’igipolisi co mu gisagara ca New York, Paul Browne yavuze ko Dominique Strauss-Khn apfunzwe kandi ko yasambishijwe ejo ku musi wa gatandatu ku mugoroba. Igipolisi kivuga ko Strauss-Kahn yakuwe mu ndege ejo ku musi wa gatandatu yari isigaje iminuta mikeyi ngo ihaguruke itere igana igisagara ca Paris mu Bufransa. Strauss-Kahn yagirijwe ko yariko arondera kudyamana n’umupfasoni yakora mw’ihoteri yaarimwo Sofitel, aho yari yagumye gushika ejo ku musi wa gandatu.

Strauss-Kahn yashikiye amabanga y’ukuyobora ikigega mpuzamakungu F-M-I mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’2007. Strauss-Kahn yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega mu gihugu c’Ubufransa abonwa ko ariwe ari imbere mu baserukira umugambwe w’aba Socialiste bazohiganwa na prezida Nicholas Sarkozy mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2012. Hari abavuga ko Sarkozy yashigikiye Strauss-Kahn kuba umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu F-M-I nk’uburyo bw’ukumwigizEyo ku vyerekeye politike mu Bufransa.

XS
SM
MD
LG