Uko wahagera

Umukuru w'ishirahamwe FMI, yarahagaritswe n'abapolisi bo mu gisagara ca New York.


Directeur wa FMI Dominique Strauss Kahn
Directeur wa FMI Dominique Strauss Kahn

Yagirizwa ivyaha vyo gufata umukenyezi ku nguvu

Ku musi wa gatandatu, umukuru w’ishirahamwe FMI, Dominique Strauss-Kahn, yarahagaritswe n’abapolisi bo mu gisagara ca New York, igihe yaragiye kwinjira mu ndege, avuye mw’iheteli yo mur’ico gisagara. Yahagaritswe inyuma y’aho umufasoni ajejwe igikorwa co gukubura mu vyumba, amuregeye ko yashatse kumufata ku nguvu, igihe yinjira mu cumba yarimwo agiye kugikubura: Umushingantahe Dominique Strauss-Kahn, yari yitezwe kandi kuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, kandi yari mu bategetsi bavugwa ko bashobora kugira imana zo gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ategekanijwe mu mwka w’2012.

Mugenzi wacu Frederic Nkundikije, yaraganiye n’umufsoni Laurence Marchand, ahurikiye mu mugambwe w’umushingantahe Dominique Strauss-Kahn, kandi ari mu bategetsi b’uyo mugambwe, bashigikiye candidature yiwe, mu mwaka w’2012.

Inyuma y’aho iyo nkuru itangarijwe abafaransa bose baguye mu gahundwe nk’uko umufasoni Laurence Marchand abitangaza.

Uyo mufasoni avuga kw’iyo nkuru izogira ingaruka zikomeye ku mugambwe wiwe, ngo kubera umushingantahe Dominique Strauss-Khan, yariwe mutegetsi wenyene, abanywanyi bose bari bahuriko, yogenywe mu kibanza co guserukira umugambwe w’abasocialiste, mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2012.

Ku vyerekeye amakuru atangazwa n’ibinyamakuru bimwe bimwe avuga kw’umushingantahe Dominique Strauss yoba yaguye mu mutego yatezwe, umufasoni Laurence Marchand, avuga ko bitangaje, kuko mu bisanzwe, umushingantahe Strauss- Kahn ar’umuntu azi ubwenge cane.

Umufasoni Laurence Marchand avuga ko mu gihe koko yoba yatezwe umutegeko, ngo abansi ntibabuze, ngo naho akundwa n’abantu benshi.

Uyo mufasoni avuga ko ata kintu azi umugambwe wiwe woba uriko urakora mur’iki gihe mu kwitgurira ibizova mur’urwo rubanza. Yamara ikintu coco kizwi ngo n’uko hari abanyapoltike nka, Marie Lepen, nawe nyene afise umugambi wo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, yaciye asimbira kw’isunzi ry’inzu akavuga kw’umushingantahe Strauss Kahn, ar’intabarirwa mu vyaha vyo gushaka gufata abafasoni ku nguvu.

XS
SM
MD
LG