Uko wahagera

Umutunzi Patrick Soon-Shiong Yuguruye Uruganda Rukorora Incanco


Patrick Soon-Shiong kumwe na Prezida w'Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa
Patrick Soon-Shiong kumwe na Prezida w'Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa

Umugwizatunga akomeye cane, Patrick Soon-Shiong, afise ubwenegihugu bwo muri Afrika y'epfo na Amerika yuguruye uno musi ku wa gatatu mu gisagara ca Cape Town ihinguriro rishasha rikora incanco.

Uwo mugwizatunga afise imigambi yo gufasha ihinguriro ryiwe NantSA gukora incanco za Covid-19 muri kazoza, hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’ubukene bw’amahinguriro akora incanco muri Afrika.

Ikiza ca Covid-19 carerekanye ubushobozi buke bwo kuronka incanco mu bice bimwe bimwe vyo kw’isi, cane cane muri Afrika aho ibice 10 kw’ijana vy’abanyagihugu ari bo bonyene bakingiwe Covid-19.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje ko Afrika idakwiye kubandanya iba inyuma ku bijanye no kuronka incanco zo kwikingira indwara z’ivyaduka. Avuga ko Afrika idakwiye kubandanya isega amakungu incanco. Yabitangaje igihe yitaba uno musi ku wa gatatu ibirori vyo kwugurura ihinguriro rishasha rikora incanco mu gihugu ciwe.

Soon-Shiong, asanzwe yanonosoye ivyerekeye ubuganga, yabwiye Prezida Ramaphosa ko bafise muri iki gihe ubushobozi bwo gukoresha ubumenyi bw’abanyafrika y’epfo mu ntumbero yo gukomeza kurushiriza igisata c’ubuvuzi mu gihugu muri iki kinjana ca mirongo ibiri na rimwe.

Yemeye gutanga imiliyoni zitandatu n’igice z’amadolari y’Amerika agenewe guha akaryo Abanyafrika y’epfo ko kurahura ubwenge mu bijanye n’igisata c’ubuvuzi. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG