Uko wahagera

Umushingamateka Banciryanino Yakatiwe Umunyororo w'Umwaka n'Ihadabu


Umuhingamteka Fabien Banciryanino
Umuhingamteka Fabien Banciryanino

Sentare nkuru ya komine ya Ntahangwa mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura mu Burundi yahanishije umunyororo w’umwaka n’ihadabu ry’ibihumbi ijana vy’amarundi Fabien Banciryanino yahoze ari umushingamateka yigenga mu kiringo co hagati y’umwaka wa 2015 na 2020.

Umwe mubagize umuryago wiwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyi ngingo ya sentare ya Ntahangwa yasohotse kuri uyu kane ariko abantu bakaba bagiye kuyimenya kuri uyu wa gatanu ku muhingamo.

Kw’itariki ya 19 ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, Banciryanino ni ho yaburana maze umushikirizamanza amusabira gufungwa imyaka ibiri n’amezi abiri n’ukuriha ihadabu ry’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’Amarundi.

Agifatwa mu ntango z’ukwezi kw’icumi umwaka uheze yari yagirijwe «Imigumuko, ukwagiriza abantu ibinyoma hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu ». Sentare yamukuyeko kimwe imuhanira « Imigumuko n’uguhungabanya umutekano w’igihugu».

Ibi vyaha vyose Fabien Banciryanino n’umushingwamanza amwunganira bagumye babihakana basigura ko « uwuregwa yubaha akubahiriza amabwirizwa y’igihugu ubona ko yari no mu nzego zijejwe kuyubahiriza mu kiringo c’imyaka itanu yose».

Iyi ngingo ya sentare iracashobora kungururizwa muri sentare isubiramwo imanza no muri gasamburamanza, hisunzwe itegeko rigenga imanza mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG