Umushingamateka Fabien Banciryanino atavuga rumwe na reta y'Uburundi, yashizwe mu cumba gihanitse c’ihaniro ca wenyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba (Cellule d'Isolement) nkuko byemezwa n'uwumwunganira mu mategeko Maitre Nkeringanji Christophe. Banciryanino yazize ko yaheruka gushira ahabona urwandiko rwerekana ingene abafungiwe muri iryo bohero bahohoterwa.
Ijwi rya Amerika ryaronse ikopi y’urwandiko rwabaye intandaro yo gushira uwo mushingamateka mu cumba gihanitse c’ihaniro ca wenyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yarwanditse italiki 22 z’ukwezi kwa 3, aruterako igikumu ari muri iryo bohero, aho afungiwe kuva mu kwezi kw’10 umwaka uheze.
Muri urwo rwandiko rwiwe, Fabiyano Banciryanino yatabarije bagenzi we bafunganywe ko babayeho nabi, badafungurirwa, bahohoterwa, abakwa amafranga atazwi n’ubuyobozi bw’ibohero, abo amadosiye yabo atigera aburanishwa n’ibindi.
Banciryanino yahaye urwo rwandiko uwutwara ibohero rya Mpimba, ubushikiranganji bw’ubutungane n’umugwi w’igihugu wigenga uraba agateka ka zina muntu, CNIDH. Ata n’indwi iheze urwo rwandiko rusohotse, Banciryanino yaciye ashirwa mu cumba ca wenyene c’ihaniro.
Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ubona ko ari “ibisanzwe ko umufungwa ahabwa inkebuzo irusha igihano yahawe”. Yamara abandi baharanira agateka ka zina muntu co kimwe n'umuryango wiwe bariyamiriza iyo ngendo. Fabien Banciryanino amaze amezi 6 afunzwe, mu vyo yagirizwa harimwo gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
Uyu mugabo yagirizwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu no kugarariza inzego. Mu ntango z’umwaka uheze, ni we wenyene yiyamirije uburusho bwagira buhabwe uwahoze ari umukuru w’igihugu nyakwigendera Petero Nkurunziza. Aha ni ho havuye icaha yagirizwa co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
Uwumwunganira mu mategeko nta vyinshi yashimye gushikiriza. Gusa Maitre Nkeringanji Christophe yemeye ko uwo aburanira yabimubwiye. Uwo munyamategeko avuga ko ari ihohoterwa rikabije ririko rikorerwa uwo aburanira. Asaba ko amategeko yokurikizwa, agafungirwa aho abandi bari kuko kuri we bibangamira amagara yiwe, kuko asanzwe agwaye n’ingwara imusaba gufata imiti iminsi yose.
N’umuryango wiwe uramutabariza. Umwe mu bagize umuryango wiwe yabwiye Ijwi rya Amerika ko ingingo yafashwe ari iyo gusinzikariza ubuzima Banciryanino.
Ku munsi wa mbere w’iyi ndwi, uwutwara umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu yarishikiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Avuyeyo, Sixte Vigny Nimuraba yavuze ko ari ibisanzwe ko umufungwa ahabwa ibindi bihano mu gihe yakoze amakosa asanzwe afunzwe. Gusa yongeyeko ati “Nimba ariko arahohoterwa ubuzima, ubu ntavyo nokwemeza canke ngo mpakane”.
Urunani CAVIB rw’abashingwamanza bakurikirana ivyaha bihanwa n’amasentare mpuzamakungu rubona ko ahubwo uwo yabaye umushingamateka kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka uheze, yari akwiye gushimirwa kuko yatabarije bagenzi we. Urunani CAVIB runegura ko umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu utakoze utakingiye uwo mufungwa.
Umushingamateka yigenga Fabiyano Banciryanino aturuka mu ntara ya Bubanza azwi nk’uwutarya umunwa mu gushikiriza iryo agona. Yakatiwe gufungwa imyaka ibiri n’amezi abiri.
Facebook Forum