Uko wahagera

Umurundikazi Kayabaga Yanditse Amateka mu Gisagara muri Canada


Arielle Kayabaga abaye umwirabure wa mbere atsindiye amatora yo kuja mu nama mpanuzwajambo y’igisagara ca London muri Canada
Arielle Kayabaga abaye umwirabure wa mbere atsindiye amatora yo kuja mu nama mpanuzwajambo y’igisagara ca London muri Canada

Umurundikazi Arielle Kayabaga w’imyaka 27 y’amavuko yabaye umwirabure wa mbere atsindiye amatora yo kuja mu nama mpanuzwajambo y’igisagara ca London, kiri mu ntara ya Ontario mu gihugu ca Canada.

Kayabaga yatahukanye ico kibanza mu matora yabaye kuri uno wa mbere. Ni we mupfasoni wenyene yari ku rutonde rw’abitoreza ico kibanza muri karitiye ya 13. Yahiganwa n’abashingantahe indwi.

Arielle Kayabaga kumwe n'abashingantahe bahiganwa
Arielle Kayabaga kumwe n'abashingantahe bahiganwa

Mu migambi yashize imbere mu kwiyamamaza kwiwe harimwo ukugabanya ibitigiri vy’ababa mw’ibarababara mu gisagara ca London, gusanura amabarabara, no gufasha abimukira bashasha baza bagana ico gisagara kumenyera imibereho n’ubuzima bwa Canada.

Arielle Kayabaga yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ugutorwa kwiwe ari intsinzi n’iteka rikomeye kuri we no ku bagiye baramushigikira harimwo Abarundi baba muri Canada. Kayabaga atera intege abakiri bato bashaka kuja muri politike abasaba gutsinda ubwoba.

Bitegekanijwe ko yimikwa ku mugaragaro igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka. Amwe mu mabanga umujenama mpanuzwajambo ajejwe muri Canada, harimwo ukwiga uko amafaranga y’igisagara yatowemwo akoreshwa akongera agasabikanywa mu bisata bitandukanye vyega ubuzima bw’abanyagihugu bw’igisagara.

Igisagara ca London ni kimwe mu bisagara bikomeye muri Canada. Muri rusansuma yo mu 2016, cari gifise abanyagihugu 383,822.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG