Uko wahagera

Umuriro Waraye Uhitanye 11 Ukomeretsa 20 kw'Ishure muri Uganda


Ikarata y'ahahereye Uganda
Ikarata y'ahahereye Uganda

Polisi ya Uganda itangaza ko abanyeshure 11 bo kw’ishure ryisumbuye rya St. Bernard bahitanywe n’umuriro wadutse mw’ijoro ry’uno wa Mungu mu buraro butatu bw’abahungu. Uwo muriro wakomerekeje 20.

Henri Nsubuga aramutswa iryo shure riherereye mu bumanuko bwa Uganda mu karere ka Rakai yavuze ko yikeka ko abanyeshure baheruka kwirukanwa kuri iryo shure bashobora kuba ari bo baturiye ubwo buraro.

Uwo muyobozi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abakoze ubwo bubisha babanje kwugara imiryango y’ubwo buraro imbere yo kubuturira, ivyaciye bibangamira abari baje gutabara. Nsubuga yabandanije avuga ko iyo miryango iyo ija kutugarwa bari gutabarwa kuko bapfuye kubera ukubura impwemu.

Imibiri ya bamwe muri abo banyeshure yarahiye ku buryo badashobora kumenyekana. Polisi itegekanya kuzokoresha ubuhinga bwa ADN kugira ishobore kumenya imyidondoro y’abatariko baramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG