Uko wahagera

Umuriro mu Bitaro vy'Abavyeyi muri Aljeriya Wishe Abana Umunani


Bamwe mu bari bahagaze

Igisata kijejwe gutabara muri Aljeriya gitangaza ko utuyoya tukivuka umunani twahitanywe n’umuriro wadutse mu bitaro vyakira abavyeyi bibungeze, "mère et enfant", bihereyeye ku bilometero ijana vy’umurwa mukuru.

Umukuru w’ico gisata yasiguye ko tumwe muri utwo tuyoya twahitanywe n’umuriro utundi tubura impwemu.

Imboneshakure y’igihugu yemeje ko amatohoza y’ibanze yerekana ko uwo muriro watewe n'intsinga z’amatara zakoranyeko (court-circuit mu gifaransa). Nta mutegetsi n’umwe aremeza ayo makuru y’icoba cateye iyo nsanganya.

Bamwe mu bavyeyi babuze abana babwiye ibinyamakuru bikorera muri Aljeriya ko batagira ayo bacira n’ayo bamira. Umwe muri bo yagize ati: " Umupfasoni wanje twari tumaranye amezi indwi twubakanye yari yaraye yibarutse uduhasa twose twahitanywe n’uwo muriro!”

Mu 2018 iryo vuriro ryaradutsemwo umuriro wononye ibitari bike ariko ico gihe ntawahasize ubuzima.

Umushikiranganji wa mbere wa Aljeriya Noureddine Bedoui yategetse amatohoza yihuta. Mu kurindira, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabaye burahagarika mu mirimo umukuru w’akarere k’ubuvuzi ibitaro vyahiye biherereyemwo, muganga mukuru kuri ivyo bitaro n’abaganga bose bari kw’irondo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG