Uko wahagera

Umuririmvyi Massamba Intore Aherutse gusohora Albumu yiwe Nshasha


Umuririmvyi Massamba Intore
Umuririmvyi Massamba Intore

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Massamba yavuze ko albumu yiwe nshasha igizwe n’indirimbo zigisha abanyagihugu kubana neza n’ugukunda igihugu, n’ukugikorera, hakabamwo n’indirimbo z’urukundo n’indirimbo zijanye n’inka.

Igitandukanya albumu yiwe n’izimbere yaho, nuko iza mbere zari zigizwe ahanini n’indirimbo z’urukundo nyinshi mu gihe iy’ubu igizwe ahanini n’indirimbo zifasha abanyagihugu mu kwubaka n’ugukerebuka.

Massamba atanga ubutumwa bujanye n’ukwijukira umuco w’amahoro, abantu bagahuzwa n’umutima w’ukwubaka igihugu cabo, bakongera bakihesha agaciro, bagahesha agaciro n’ibihugu vyabo.

Twumvirize:

XS
SM
MD
LG