Uko wahagera

Umupaka w'Uburundi na Kongo Uzokwugururwa mu Ndwi Iza


Abajejwe amagara y'abantu bapima ingenzi ikiza ca covid 19 mbere gato y'uko umupaka wa Gatumba uhuza Uburundi na Kongo wugarwa umwaka uheze
Abajejwe amagara y'abantu bapima ingenzi ikiza ca covid 19 mbere gato y'uko umupaka wa Gatumba uhuza Uburundi na Kongo wugarwa umwaka uheze

Muganga Thadée Ndikumana icegera c’umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19 ahejeje kumenyesha ko umupaka wa Gatumba uhuza Uburundi na Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo wari wugawe mu kwezi kwa gatatu umwaka w'i 2020 biturutse ku kiza ca covid-19 uzokwugururwa ku musi wa kabiri w’indwi iza igenekerezo rya 1 ukwezi kwa gatandatu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu arongoye umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca covid-19, uw’amagara y’abantu, icegera muri uwo mugwi, umushikiranganji wo kwivuna abansi, uw’ikigega ca reta, uwo gufatana mu nda n’iterambere ridakumira, ku muhingamo w’uno wa kane bari bagiye mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura ku mupaka Uburundi buhana na Repuburika ya Demokarasi ya Congo.

Bagiye kwirabira aho ibikorwa vyo kwubaka inzu izohora ipimirwamwo ingenzi covid-19 bigeze. Basanze ibikorwa biri ku rugero rushimishije ariko guca bapfundika ko uwo mupaka uzokugururwa abarundi n’abanyekongo bagasubira kugenderanirana.

Muganga Ndikumana yamenyesheje ko aho kuri uwo mupaka ingenzi zizohora zikorerwa ibipimo vya covid-19 vyihuta navyo bigashobora kumara hagati y’iminota 15 na 20 kugira uwapimwe ahabwe inyishu.

Amenyesha ko iyo nzu ishobora kwakirira rimwe abantu 60 bazohora bapimwa bagaheza bakabisikanya n’abandi inyuma y’ico kiringo co kurindira inyishu.

Kubona rero uwo mupaka wa Gatumba ugiye kwugururwa vyanezereje abanyagihugu b'aho mu Gatumba n’abadandaza muri rusangi basanzwe bawukoresha.

Uwurongoye ishirahamwe ry’abadandaza ndengambibe arashimira reta yitaho abo irongoye agasaba abadandaza basangiye umwuga kuzubahiriza ibisabwa na reta.

Kuri uwo mupaka wa Gatumba, umushikiranganji Thadée Ndikumana yamenyesheje ko igihe hugarwa mu kwezi kwa gatatu umwaka w’i 2020, haca ku musi ku musi abantu bari hagati y’i 5,000 na 10,000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG