Uko wahagera

Umunywanyi wa CNL Yarishwe Abagera kuri 20 Barakomeretswa


Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL
Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL

Umunywanyi umwe w’umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta y’Uburundi yarishwe mw'ijoro ryo kuri uyu w'Imana mu buraruko bushira ubuseruko bw'Uburundi mu ntara ya Muyinga, abagera hafi kuri cumi barakomereka.

Bategerewe n'abantu bitwaje imipanga mu gihe bari batashe n'amaguru bavuye kugurura ingoro y’umugambwe wabo ku rwego rw'igihugu.

Ababunguruje n’amamodokari yitwa FUSO banse kubasubiza inyuma bavuga ko urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD zabagabishije ko izo modokari zishobora guturirwa.

Abo banywanyi ba CNL bahavuye bataha n’amaguru. Bageze ahitwa mu Rugari nko ku birometero cumi uvuye ku murwa mukuru wa Muyinga bagwa mu mutego w’abantu bitwaje ibipanga n’amahiri.

Mu mugambwe CNL baranebagura ivyashikiye abanywanyi bawo, bakagiriza urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, imbonerakure, ko ari rwo rwakoze iryo bara.

Ahandi havugwa abanywanyi ba CNL bahohotewe ni muri zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura aho abagera kuri 10 bakomerekeye mu mishamirano yabahuje n'abo mu mugambwe CNDD-FDD.

Naho urwaruka rwa CNDD FDD rwagirizwa gusotora no guhohotera abanywanyi ba CNL mu duce twinshi tw’igihugu, abarurongoye bavuga ko ahubwo ari igihushane c’ukuri.

Mu gihe hasigaye amezi icenda gusa ngo habe amatora mu Burundi, amashirahamwe yigenga y’Abarundi na mpuzamakungu amaze imisi yerekana impungenge afise k’ukutihanganiranira gushobora kuvyara indyane.

Ayo mashirahamwe ahamagaraira Leta gukora ibishoboka vyose kugira amatora atunganywe neza harimwo kureka abanyepolitike bahunze igihugu bagatahuka kuyitegurira no kuyajamwo.

Ibi umujanama mukuru ajejwe ibibazo vyo kumenyesha amakuru mu biro vya perezida Pierre Nkurunziza ku musi wa gatanu yabigarutseko. Willy Nyamitwe yasiguye ko ata munyepolitike yimiriwe gutaha mu gihe atazanywe n’umugararizo. Gusa yashimangiye ko abasohorewe imitahe bo bokwitegurira kubanza kubazwa n’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG