Uko wahagera

Umunyarwandakazi Yagenywe mu Burongozi bw'Ubumwe bw'Afurika


Umunyarwandakazi Monique Nsanzabaganwa yagenywe mu kibanza c'icegera c'umukuru w’urwego nyobozi rw’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

Umunyarwandakazi Monique Nsanzabaganwa yaraye agenywe mu kibanza c'icegera c'umukuru w’urwego nyobozi rw’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika. Madame Nsanzabaganwa yatowe ku majwi 42 kuri 55 y'abatoye. Mu bariko bahiganira iki kibanza, harimwo Umupfasoni Pamela Kasabiiti atwara ikigo ca Reta kijejwe imigambi muri Uganda na Hasna Barkat Daoud yigeze kuba umushikiranganji w'urwaruka muri Djibuti.

Imbere yo kugenwa muri ayo mabanga, Umupfasoni Nsanzabaganwa w'imyaka 50 kuva mu 2011 yari asanzwe ari icegera c'umukuru wa Banki y'igihugu, BNR. Ayo mabanga yayagiyemwo inyuma yo kuba umushikiranganji ajejwe ivy'ubudandaji mu Rwanda. Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Madamu Monique yanonosoye ivy'ubutunzi akaba anabifisemwo impamyabushobozi y'ikirenga yashimiye abakuru b'ibihugu bo mu muryango w'Ubumwe bwa Afurika bagiriye icizere u Rwanda, yizeza kuzorangura neza imirimo ahawe.

Monique Nsanzabaganwa atorewe manda y'imyaka ine. Agiye kuba icegera c'umunyechadi, Moussa Faki Mahamat, nawe yaraye atorewe manda ya kabiri yo kuba umukuru w'urwego nyobozi rw'umuryango w'ubumwe bw'Afurika.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG