Uko wahagera

Umukuru w'Igihugu muri Maurice Yatanze Imihoho


Uwahoze ari Perezida wa Maurice Ameenah Gurib-Fakim
Uwahoze ari Perezida wa Maurice Ameenah Gurib-Fakim

Perezida wa Maurice, Ameenah Gurib-Fakim, yatanze imihoho inyuma yo kwagirizwa gukoresha ikarata ya banki y'ishirahamwe rijejwe gufasha “Planet Earth Institute” mu kugura ibintu ku giti ciwe.

Ikinyamamkuru “Le quotidien” gikorera muri Maurice, catangaje ko amafaranga Madame Gurib-Fakim yagirizwa aharurwa mu ma euros ibihumbi 25. Gurib-Fakim we yemanga ko ayo yakoresheje mu kugura ibirato n’inzahabu zo kwambara avanye muri iyo karata ari ibihumbi 21.

Yousouf Mohamed, aburanira Gurib-Fakim, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP, ko Gurib-Fakim yarungikiye ikete inama nshingamateka ayimenyesha ko ku nyungu z’igihugu ashimye gukinjura.

Umupfasoni Ameenah Gurib-Fakim azwi cane mu bijanye n'ubushakashatsi, ni we mugore wa mbere yatowe mu kibanza co kurongora Maurice. Yari ku butegetsi kuva muri 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG