Uko wahagera

Umukuru wa Al-Qaida Bivugwa ko Yapfuye Yabonetse muri Videwo


 Ayman al-Zawahri vyari bimaze imisi bivugwa ko yapfuye
Ayman al-Zawahri vyari bimaze imisi bivugwa ko yapfuye

Ayman al-Zawahri atwara intagondwa za Al-Qaida ejo ku wa gatandatu yarabonetse muri videwo. Agiye ahabona inyuma y’amezi atari make hari ibihuha bivuga ko yapfuye.

Ishirahamwe nyamerika ryitwa, SITE Intelligence, rikurikiranira hagufi amakuru atangazwa n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu, ni ryo ryemeje ano makuru. Muri iyo videwo, iryo shirahamwe ryavuze ko al-Zawahri yagize ati: “ Yeruzalemu ntizokwigera iba iy’abayahudi.” Yishimiye kandi ibitero bitandukanye vyakozwe na al-Qaida harimwo icagabwe ku ngabo z’Uburusiya muri Siriya mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka.

Ishirahamwe, SITE Intelligence, rivuga ko ikindi uwo murwanyi yagarutseko ari itahuka ry’abasirikare b’Amerika bari bamaze imyaka 20 muri Afuganistani. Ibi kubw’urwo rubuga ntibisigura yamara ko ino videwo ari nshasha kuko ivyo gutahuka kw’aba basirikare vyatanguye kuvugwa mu kwa kabiri ko mu mwaka uheze.

Al-Zawahri ntiyigeze agaruka ku vy’ukugaruka kw’abatalibani ku butegetsi bwa Afuganistani. Ibihuha vy’uko al-Zawahri yahitanywe n’ingwara vyatanguye gukwiragizwa mu mpera zo mu 2020. Kuva ico gihe, nta videwo canke ikindi kimenyetso c’uko yoba akiriho cari bwaboneke. Umukuru wa The SITE yavuze ko “niba vy’ukuri atakiriho, yashengeye mu kwa mbere k’uno mwaka canke inyuma y’ukwa mbere”.

Al-Zawahri, akomoka muri Misiri yagiye ku burongozi bwa al-Qaida inyuma yaho mu 2011 abasirikare b’Amerika bagandaguriye Osama bin Laden yatwara uwo muhari w’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG