Umukuru w’umurwa mukuru wa Koreya y’Epfo, Seoul, yitavye Imana. Polisi y’ico gihugu yatangaje ano makuru yavuze ko amatohoza y'ibanze yerekana ko Park Won-soon yoba yiyahuye.
Ikiziga c’uwo munyepolitike w’imyaka 64 catowe mu micungararo y’umusozi witwa “Bugaksan” uherereye ku murwa mukuru Seoul. Ejo ku wa kane amakuru y’uko yaburiwe irengero yiriwe aracanacanako muri Koreya y’Epfo.
Vyari vyavuzwe ko yaburiwe irengero inyuma y’umunsi umwe uwahoze ari umunyamabanga wiwe amwagirije ko yamufashe ku nguvu. Ntibiramenyekana ko hazokorwa ibizamini vyo kwemeza burundu ko nyakwigendera yiyatse ubuzima
Park Won-soon yitavye Imana ari mu kiringo ciwe ca gatatu ari na co canyuma amategeko yamwemerera kuramutswa umurwa mukuru wa Koreya y’Epfo. Yabonwa nk’umwe mu bahabwa amahirwe menshi yo kuzokwiyamamaza mu mwanya w’umukruu w’igihugu mu matora ategekanijwe mu mwaka uza muri Koreya y’Epfo.
Facebook Forum