Uko wahagera

Umukinyi w'Umurundi Papy Faty Yitavye Imana


Papy Faty ni uwo ari iburyo
Papy Faty ni uwo ari iburyo

Umukinyi Papy Faty aturuka mu Burundi, yakinira umurwi Malanti Chiefs mu cahoze citwa Swaziland muri iki gihe cahindutse eSwatini yitavye Imana inyuma yuko aguye hasi mu masaha yo ku mutaga uno musi ku wa kane.

Uwo mukinyi yari afise imyaka 28 yaguye hasi inyuma yuko aravye igihe hariko haba urukino hagati y’imirwi Malanti Chielfs na Green Mamba mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Killarney mu gisagara ca Piggs Peak hanze y’umurwa mukuru, Mbabane.

Faty yigeze no gukinira umurwi Bidvest Wits wo muri Afurika y'epfo, wari wahagaritse contrat ye haraheze imyaka mikeyi bivuye ku bibazo vy’umutima. Yaguye hasi inyuma yuko aravye mu kibuga c’umupira w’amaguru iminuta cumi n’itanu gusa inyuma yuko ari muri ico kibuga.

Bamunyarukanye mu bitaro, aho vyatangajwe mu nyuma ko yitavye Imana. Urupfu rwa Faty rwemejwe n’umwe mu bategetsi bakomeye mu murwi Malanti Chiefs. Yamara nta makuru arenze aho yatanze.

Faty yaheruka gufasha Uburundi kuronka itike y’ukuja mu gikombe c’ibihugu vyo muri Afrika kizobera mu gihugu ca Misiri muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG