Uko wahagera

Imvugo ya Donald Trump ku Bimukira n'Abirabure, isa n'Iyiriko Irahinduka


Umukandida w’umugambwe w’aba Republikani, muri Leta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump, azwi kuba yaraneguye cane ubwoko bw’abirabure n’abimukira baturuka mu bumanuko bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika, yatangaje ko umugambwe wiwe ukwiye kurushirizaho gutunganya ivy’ayo moko.

Donald Trump yatangaje ko agiye gusubiramwo, mu buryo butunganye kandi bwubahiriza ikiremwa muntu, itunganywa ry’abimukira bashika ku miliyoni 11, batemewe n’amategeko muri Amerika.

Trump atuma urutoke igihugu ca Mexique ko kirungika abantu baza gukora ivyaha bitandukanye muri Amerika, baciye ku mupaka, mu bumanuko bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika.

Kur’uyu w’Imana, Kellyanne Conway, umuyobozi mushasha ajejwe imyiyamamazo y’umukandida Trump, yatangarije mu kinyamakuru CNN, ko umugambi wa Trump, wo kwirukana abimukira batemewe n’amategeko, ar’umugambi wo kunonosora.

Iryo hinduka mu mvugo y’umukandida Donald Trump, ah’asa n’uwuriko ariyegereza abirabure, rije inyuma y’aho Trump ahakanye kwitaba ubutumire bw’imigwi ibiri ikomeye, ihurikiyemwo abasanzwe bavugira agateka ka zina mutu muri Amerika.

Uwundi murwi wa kabiri ugizwe n’abamenyeshamakuru b’abirabure barimwo n’abimukira baturuka mu bumanuko bwa Amerika.

Iyo migwi ukw’ari ibiri, umukandida w’aba demokrate, Hillary Clinton akaba amaze kwitaba ubutumire bwayo.

XS
SM
MD
LG