Uko wahagera

Umuhari "Black Lives Matter" Usabirwa Agashimwe k'Amahoro Nobel


Bamwe mu bari mu muhari Black Lives Matter
Bamwe mu bari mu muhari Black Lives Matter

Umwe mu bashingamateka ba Norvege yasavye ko umuhari nyamerika "Black Lives Matter", urwanya ivangurarukoba wohabwa agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel. Uwo muhari watanguriye muri Amerika mu 2003 uza gukomera mu mihingo itandukanye inyuma y’umwirabure w’umunyamerika, George Floyd, yishwe afukamweko n’umupolisi w’umuzungu mu 2020.

Umushingamateka Petter Eide yasiguye ko urugamba rw’uwo muhari rwatumye isi yose ibona uburemere bw’ikibazo c’ivangurarukoba. Ku bw’uwo mushingamateka, Black Lives Matter, yuguruye amaso y’indongozi z’isi mu gutuma iki kibazo kiva mu ntamatama kikaja ahabona.

Abashingamateka, abashikiranganji, abigisha muri za kaminuza n’abigeze kuronka agashimwe kitiriwe Nobel baba bafise uburenganzira bwo gutanga izina ry’uwo babona akabereye mu bisata bitandukanye. Ababisaba baba bafise kugera kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa mbere kugira babisabe.

Mu bandi bamaze kumenyekana ko bazosabirwa ako gashimwe, barimwo Julian Assange yashinze Wikileaks, amashirahamwe Cepi na Gavi akora mu gisata c’incanco, amashirahamwe mpuzamakungu RSF na CPJ aharanira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru hamwe na Donald Trump yahoze ari perezida w’Amerika.

Agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel gatangwa mu kwezi kwa cumi. Mu mwaka uheze kahawe ishami rya ONU ryitaho ibiribwa kw’isi, PAM.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG