Uko wahagera

Umugwizatunga Patrice Motsepe Yatowe Kuyobora CAF


Umugwizatunga wo muri Afrika y'epfo, Patrice Motsepe yatowe kuyobora ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane w’Afrika, CAF.

Uwo mugabo afise imyaka 59 asubiriye Ahmad Ahmad, ukomoka muri Madagascar, yarangije ikiringo ciwe yagirizwa kuba yasahuye amafaranga y’ishirahamwe CAF.

Kw’itariki umunani y’uku kwezi kwa gatatu, sentare ijejwe gutatura amatati afatiye ku vy’inkino yari yamuhagaritse mu kiringo c’imyaka 2. Yagirijwe ko yakoresheje amafaranga y’ishirahamwe CAF mu gutumira bamwe mu bakuru b’amashirahamwe y’umupira w’amaguru y’ibihugu vyo muri Afrika, kuja mu gikorane i Maka.

Itorwa ry’umurongozi mushasha ryabaye uyu musi ku wa gatanu, ntiryatangaje kubera abandi bakandida 4 bahiganwa bari babivuyemwo. Nabo ni Augustin Senghor wo muri Senegal, Ahmed Yahya wo muri Moritaniya na Jacques Anouma wo muri Cote d’Ivoire.

Amakuru atangazwa avuga ko babivuyemwo inyuma y’uko umuyobozi w’ishirahamwe FIFA, Giannni Infantino abigizemwo uruhara hisunzwe amasezerano yo gusangira ubutegetsi. Nk’uko amasezerano abitegekanya, abo bandi bariko baritoza, botegerezwa guhabwa ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’ishirahamwe CAF.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG