Umugozi utwara umuyagankuba wo ku rugero ruri hejuru waguye, uno musi ku wa gatatu, ku mazu no kw’isoko, ku nkengera z'umurwa mukuru wa Republika iharanira demokrasi ya Congo, Kinshasa, uhitana abantu 26.
Umuvugizi wa reta, Patrick Muyaya, yatangaje mu butumwa yashize kuri Twitter, ko mu bapfufye harimwo abapfasoni 24 n’abagabo 2, abandi bantu 2 nabo barakomereka bikomeye.
Sosiyete y’umuyagankuba mu gihugu yatangaje ko uwo mugozi utwara umuyagankuba waguye igihe hariko harwa imvura nyinshi mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.
Umushikiranganji wa mbere wa Congo, Sama Lukonde, mu butumwa kuri Twitter, yavuze ko bibabaje cane kubona abapfasoni n’abagabo batakaje ubuzima bwabo bahitanywe n’umuyagankuba mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.
Yifatanije mu mubabaro n’imiryango y’ababuze ababo hamwe n’abakomeretse. Umuvuzigi wa Reta ya Congo, Patrick Muyaya, yatangaje ko we n’umushikiranganji wa mbere bagendeye aho iyo mpanuka yabereye, kandi ko reta itegekanya gukoresha inama yihutirwa ku vyabaye.
Yatangaje ko yamaze gufata ingingo yo kwimura isoko iyo mpanuka yabereyemwo inyuma y’inama y’abashikiranganji yari yabaye kw’italiki 7 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. (Reuters)
Facebook Forum