Umugambwe wa Laurent Gbagbo yahoze ari prezida w'igihugu ca Cote d'Ivoire wamusavye kuwuserukira mu matorora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kw'icumi. Gbagbo yambitswe izera na sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu mwaka uheze.
Ivy’uko Gbagbo aba muri iki gihe mu gihugu c’Ububiligi azokwemera ivyasabwe n’umugambwe wiwe agatahuka mu gihugu ciwe ntibiratomoka.
Amatora yo kw’italiki 31 y’ukwezi kw’icumi abonwa nk’igipimo ku vyerekeye umutekano wa Cote d’Ivoire n’ubushobozi bw’ico gihugu bw’ukuvavanura na kahise karanzwe n’uruhagarara n’ubwicanyi. Yamara abanyapolitike bo mu bihe vyo muri kahise baracariko bahiganirwa kuyobora Cote d’Ivoire.
Henri Konan Bedie yahoze ari prezida yatangaje mu kwezi guheze ko azokwitoza. Prezida ahari muri iki gihe, Alassane Ouattara, yari yamenyesheje ko azokwitoza mu kwezi kw’icumi niyo Bedie na Gbagbo bahiganwa, yatangaje mu kwezi kwa gatatu ko atazorondera gusubira kwitoza.
Abatavuga rumwe nawe bamenyesha ko gusubira kwitoza kwiwe vyoba biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Yamara umugambwe wiwe watangaje ku musi wa mbere ko ashobora gusubira kwitoza inyuma yuko uwo yari yagenye kumusubirira, umushikiranganji wa mbere, Amadou Gon Coulibaly, apfuye giturumbuka.
Facebook Forum