Uko wahagera

Umugambwe Chadema Wihojeje Perezida Magufuli wa Tanzaniya


Uyu ni depite Freeman Mbowe, umuyobozi w'umugambwe Chadema
Uyu ni depite Freeman Mbowe, umuyobozi w'umugambwe Chadema

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Tanzaniya, Chadema, wihojeje Prezida John Magufuli, mu kuvuga ko uzogirisha amakoraniro azirirjwe mu bisanzwe. Ivyo ni mu ntumbero y’ukwiyamiriza itegeko rishasha ku migambwe umugambwe, Chadema, uvuga ko riteye kubiri na demokrasi.

Umugambwe, Chadema, uhiganwa bivkomeye n’umugambwe uri ku butegetsi, Chama cha Mapinduzi, mu mpfunyapfunyo, CCM, watangaje ko ingingo y’ukwihoza itegeko rishasha ku migambwe mu nama idasanzwe y’imisi ibiri ya komite yawo nkuru ku murwa mukuru mu vy’ubutunzi, Dar es Salaam.

Kuva atowe mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2015, Prezida Magufuli yaraziririje amakoraniro y’imigambwe. Yamara mu vy’ukiri iyo ngingo yerekeye imigambwe itavuga rumwe na Reta, kubera umugambwe uri ku butegetsi, CCM, ugirisha inama aho ushatse n’igihe cose ubushatse.

Umumnyamabanga mukuru w’umugambwe Chadema, Vincent Mashinji, avuga ko kugirisha amakoraniro atari icaha. Amenyesha ko bazogirisha ayo makoraniro kubera bafise imigambi bategerezwa gusigurira abanyagihugu.

Itegeko rishasha ku migambwe muri Tanzaniya ryemejwe n’inama nshingamateka mu mpera z’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Iryo tegeko riracarindiye gusohorwa na Prezida Magufuli.

Abatavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe aserukira inyungu z’abanyagihugu vyari vyarwanije iryo tegeko rishasha bivuga ko binumya imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG