Uko wahagera

Umubonano w'Abategetsi ba Amerika n'Ubudagi Ntukibaye


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudagi i bubamfu, mugenzi we wa Amerika Mike Pompeo Iburyo
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudagi i bubamfu, mugenzi we wa Amerika Mike Pompeo Iburyo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo yasibishije inama yari ategekanya gukora ku musi wa kane w’iyi ndwi na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, mu gisagara ca Berlin.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika bwamenyesheje ko ibiganiro hagati y’abo bategetsi babiri bizotegerezwa kuba ku yindi taliki kubera ibibazo vyihutirwa. Nta nsiguro zirenga aho ubwo bushikiranganji bwatangaje z'igituma uwo mubonano usibijwe.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika rivuga ko Mike Pompeo yiteguriye kugendera igisagara ca Berlin vuba akagirana ibiganiro bikomeye na Angela Merkel.

Ivy’uko iyo ngingo ya Pompeo y’ugusibisha urugendo mu gihugu c’Ubudagi izogira ingaruka ku rugendo ategekanya kugira ku musi wa kane mu Bwongereza no mu gihugu ca Greenland ku musi wa gatanu ntivyamenyekanye buno nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG