Uko wahagera

Ukraine Ishimira Amerika ku Mfashanyo Zitandukanye Iyironsa


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yashimiye uno munsi ku wa gatatu Reta zunze ubumwe za Amerika kuba zafashe mu mugongo igihugu ciwe mu bihe bigoye.

Zelensky yabitangaje mu gihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, ari mu rugendo muri Ukraine. Ni mu gihe kandi hari impungenge ko Uburusiya bushobora gutera igihugu ciwe.

Yabwiye Blinken ko amushimira ubwiwe na Prezida Joe Biden hamwe na reta yiwe kuba bashigikiye igihugu ciwe. Arabashimira ku mfashanyo ya gisirikare bahaye igihugu ciwe hamwe no kuba bongereje iyo mfashanyo.

Prezida Zelensky yatangaje ko igihugu ciwe cakoresheje amafranga atari make mu myaka ya vuba ku vyerekeye gukomeza inguvu zaco za gisirikare.Yamara amenyesha ko ico gikorwa gisaba ko bafashwa cane cane muri ibi bihe bitoroshe.

Umutegetsi akomeye wa Reta ya Amerika yaratangaje imbere yo kuri uyu musi ku wa gatatu, ko mu kwezi guheze Reta ya Prezida Joe Biden yemeje imiliyoni 200 z’amadolari y’iyindi mfashanyo yo kwivuna umwansi igenewe Ukraine. Yaratangaje incuro zitari nke ko yiteguriye gufasha ico gihugu mu vya gisirikare. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG