Uko wahagera

Perezida Biden Yemereye Ukraine ko Amerika Izoyihashiriza Uburusiya


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yabwiye mugenzi we wa Ukraine, Volodymyr Zelensky kuri terefone kuri uyu w’Imana ko Amerika hamwe n’abo bicuditse bazokora ikintu gikomeye igihe Uburusiya bwohirahira bukayitera. Ibi vyavuzwe na perezidanse ya Amerika, White House.

Jen Psaki, ajejwe kumenyeshamakuru muri perezidanse, yavuze ko perezida wa Amerika ashigikiye utwigoro twa kidipolomasiya turiko turakorwa. Utu twigoro turimwo ibiganiro hagati y’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru hagati y’abategetsi ba Amerika n’Uburusiya bitegekanijwe ku matariki ya 9 na 10 i Geneve.

Perezida Biden yavuze kandi ashimitse ko Amerika yiyemeje gukingira ubwigenge n’ubutaka bwa Ukraine. Iki kiganiro kuri telephone co kuri uyu w’Imana kibaye haheze imisi Perezida Biden agabishije Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin ku ngaruka zikomeye zizoba mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine, yahoze mu bumwe bw’abasoviyeti.

Abasirikare 100.000 b’Uburusiya bararungitswe hafi y’urubibe rwa Ukraine. Uburusiya bwisigura buvuga ko abasirikare babwo baje kubuza ko ishirahamwe OTAN kwiyagurira imbibe mu gihe Ukraine wokwiyunga naryo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG