Uko wahagera

Perezida Putin Asaba Kuganira n'Uburayi ku Kibazo ca Ukraine


Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin i Moscou mu Burusiya, kw'itariki ya 1/12/2021
Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin i Moscou mu Burusiya, kw'itariki ya 1/12/2021

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yavuze kuri uyu wa kabiri ko akeneye ko haba ibiganiro vuba bwango na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe OTAN ku makenga y’umutekano wabwo. Ni mu gihe Uburusiya hamwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bahanganye maso ku kibazo ca Ukraine.

Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abo bicuditse bamaze indwi zitari nke bagiriza Uburusiya kuba buri mu mugambi wo gutera igihugu kibanyi Ukraine. Bagabisha ko biteguye gufatira hamwe ibihano ruhasha mu gihe Perezida Putin yotanguza iyi ntambara.

Abasirikare b’Uburusiya baharurwa mu bihumbi bagandagaje hafi y’imbibe za Ukraine, aho ibihugu vyo mu burengero vyama vyagirije Uburusiya ko bufasha abashaka kwiyonkora kuri Ukraine kuva mu 2014.

Uburusiya busaba ishirahamwe OTAN guhagarika kwiyagura ryerekeza mu buseruko hamwe no guhagarika kurungika ibirwanisho mu bihugu bibanyi, birimwo Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG