Uko wahagera

UK: Polisi Yahagaritse 11 Bagirizwa Ivangurarukoba ku Bakinyi


Umukinyi Bukayo ahozwa na bagenzi biwe inyuma yo guhusha penariti
Umukinyi Bukayo ahozwa na bagenzi biwe inyuma yo guhusha penariti

Polisi y’Ubwongereza yataye muri yompi abantu 11 bagirizwa ivangurarukoba ryacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma y’uko ekipe y’Ubwongereza intsinzwe n’iy’Ubutariyano ibitsindo 2-3 muri shampiyona y’igikombe c’ama ekipe ya Buraya, Euro 2020, mu kwezi guheze.

Abakinyi b’abirabure Marcus Rashford, Jadon Sancho na Bukayo Saka ni bo bakorewe iryo vangurarukoba bamaze guhusha ibitsindo na za penariti.

Igisata kijejwe amategeko mu mupira w’amaguru mu Bwongereza cavuze ko mu butumwa bwacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, 207 buhanishwa n’amategeko. 123 mu mbuga bwacishijweko zegukira abantu bari mu bihugu bitandukanye, 34 nazo zikaba ari iz’abari mu Bwongereza.

Uwutwara ico gisata yavuze ko abibaza ko bashobora kwinyegeza ku mbuga ngurukanabumenyi mu gushiraho ubutumwa bw’inzako bihenda, kandi bari babwirijwe kwiyumvira imbere yo kubwandika. Amatohoza aracabandanya nkuko abivuga, uwo icaha kizokwagira akazobibazwa.

Urubuga rwa Twitter rwemeza ko rmuri ino dosiye rwafuse ubutumwa bugera ku 1000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG