Uko wahagera

Ugushamirana Hagati y' Abadasangiye Ubwoko muri Sudani


Ikarata y'ahaherereye intara ya Darfur

Reta ya Sudani yarungitse abasirikare batari bake mu bumanuko bw'intara ya Darfur yongeye kuvugwamwo indyane zifatiye ku moko. Itororokanirizo ry’amakuru ya Reta muri Sudani, Suna, ryatangaje aya makuru rivuga ko igitigiri c’abasirikare congerejwe muri iyo ntara inyuma y’ugushamirana gufatiye ku matati y’amazi hagati y’abadasangiye ubwoko kwahitanye abantu 15.

Buramatari w’iyo ntara nawe Musa Mahdi yabwiye iryo tororokanirizo ry’amakuru ko abo basirikare barungitswe mu ntumbero yo kwaka ibirwanisho abanyagihugu no kurondera abari inyuma y’uko gushamirana.

Amoko ashamiranye ni ay’aba “Massalit” n’aba “Falata”. Batana mu mitwe hapfuye babiri bo ku ruhande rw’aba Falata na 13 ku ruhande rw’aba Massalit, hama hakomereka 34.

Akarere ka Gereida kabereyemwo uko gushamirana karakunze kuvugwamwo indyane zimaze guhitana abatari bake bo muri ubwo bwoko bubiri. Uku gutana mu mitwe kutatomowe ryari kwabaye ni ko kwa mbere kubaye inyuma y’inama yo kwiyunga yari yabaye mu kwezi kwa cumi uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG