Uko wahagera

Uganda Yakiriye Aba Mbere Bahungishijwe Bavanwa muri Afuganistani


Aba mbere bavuye Afuganistani bakigera Uganda
Aba mbere bavuye Afuganistani bakigera Uganda

Abantu ba mbere bahungishijwe bava muri Afuganisitani bashitse mu gihugu ca Uganda uno musi ku wa gatatu. Abategetsi ba Uganda bavuga ko abo bantu uko ari 51 bazoguma mu gihugu vy’agateganyo gushika bimuriwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika no mu bindi bihugu.

Mu bimuwe harimwo abapfasoni n’abana nkuko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Uganda. Bumenyesha ko basuzumwe ku bijanye n’umutekano n’ibisabwa ku vyerekeye ikiza ca Covid-19.

Vyari bitegekanijwe ko abanyayuganda bari muri Afuganistani bashika mu ndege imwe n’abo bazanwe uno musi ku wa gatatu. Yamara ntibabishoboye bivuye ku bibazo vy’ugushika ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul.

Hariko harashirwaho uburyo bw’ugutuma batahuka mu gihugu cabo mu yindi ndege itegekanijwe ikindi gihe. Uganda yatangaje ko yemeye mu ndwi iheze ibisabwe n’Amerika kwakira vy’agateganyo abanyafuganistani 2,000 bahunze igihugu cabo.

Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ibihugu bicuditse bimaze kwimura abantu barenga 70,000, harimwo abanyagihugu bavyo n’abanyafuganistani kuva kw’itariki 14 z’uku kwezi kw’umunani. Ni mu gihe ivyo bihugu biriko vyihutira guheraheza igikorwa c’ukwimura abo bantu kw’itariki ya 31 y’uku kwezi kw’umunani, ikiringo ntarengwako c’uko inteko zo mu mahanga ziba zavuye muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG