Uko wahagera

Uganda: Umurwi Utunganya Amatora Uvuga ko Museveni " Yatsinze"


Prezida w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni avurwa ko ari imbere y'uwo bahiganwa, Bobi Wine mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ejo ku musi wa kane hisunzwe ivya mbere bivuye mu matora.

Urwego rujejwe amatora rwatangaje uno musi ku wa gatanu ko Yoweri Musevni yari imbere ya Bobi Wine bifatiye ku biharuro vya mbere vyavuye mu matora biturutse mu ca gatatu c’ibibanza vy’amatora. Museveni yaronse ibice 65 kw’ijana vy’amajwi mu gihe Bobi Wine afise ibice 27 kw’ijana.

Bitegekanijwe ko ibiharuro vya nyuma vy’ivyavuye mu matora bimenyekana ejo ku musi wa gatandatu ku mutaga. Bobi Wine yabwiye abamenyeshamakuru ko amatora yibwe. Amenyesha ko ibiriko bitangazwa vyose ku bijanye n’amatora y’ejo ku musi wa kane bitagira ishingiro. Yavuze ko ari we muprezida yatowe. Amenyesha ko ata nkeka batsinze Museveni avuga ko ari umutegetsi atwaza agahotoro.

Yamenyeshsje ko azotanga ivyemezo vyerekeye ubusuma n’utundi tunenge vyibonekeje mu matora y’ejo ku musi wa kane, niyo internet yasubira, yugawe umusi w’imbere y’amatora, yasubira kwugururwa mu gihugu.

Amenyesha ko ariko yiyumvira kigirisha imyiyerekano irangwa n’amahoro ku vyavuye mu matora vyatangajwe. Avuga ko uburyo bwose buciye mu mategeko buzokoreshwa. Abakandioda barashobora kwitwarira ivyavuye mu matora muri sentare nkuru y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG