Uko wahagera

Uganda Ntigishizeho Igihano co Gupfa ku Bakundana Bahuje Igitsina


Abaganda mu myiyerekano y'umwaka ugira gatatu y'abakundana basangiye ibitsina i Entebbe, Uganda. Ifoto yafashwe kw'itariki 09/08/2014.
Abaganda mu myiyerekano y'umwaka ugira gatatu y'abakundana basangiye ibitsina i Entebbe, Uganda. Ifoto yafashwe kw'itariki 09/08/2014.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida wa Uganda yatangaje ku musi wa mbere ko Reta y’ico gihugu itazoshiraho igihano c’ugupfa ku bakundana basangiye ibitsina.

Ni inyuma yuko abatanga imfashanyo bamenyesheje ko bariko bakwirikiranira hafi umugambi w’igihugu ca Uganda w’ugusubira gushiraho itegeko rifatira ibihano bikomeye abakundana n’abo basangiye ibitsinsa.

Umushikiranganji ajejwe ivyerekeye akaranga n’imico mu gihugu ca Uganda, Simon Lokodo, yatangaje ku musi wa kane w’indwi iheze ko Reta y’igihugu ciwe yari ifise imigambi y’ugusubira kurungika mu nama nshingamateka itegeko rifatira ibihano abakundana n’abo basangiye ibitsina, mu ndwi nkeyi ziri imbere. Ivyo ngo mu ntumbero y’uguhagarika iyo ngeso itera ikwiragira muri Uganda.

Ivyatangajwe na Lokodo vyarakwirikiranywe n’amakungu hamwe n’abatanga imfashanyo nk’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, ibanki y’isi yose na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abatanga imfashanyo bamenyesheje ko bariko bakwirikiranira hafi ukugene ibintu biriko biragenda muri Uganda ku vyerekeye abakundana n’abo basangiye ibitsina.

Umunyamabanga mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Uganda amenyesha ko ata migambi Reta ifise y’ugusubira kurungika itegeko ryofatira igihano c’ugupfa abakundana n’abo basangiye ibitsina mu nama nshingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG