Uko wahagera

Uganda:Gen Katuma Yakomerekeye mu Gitero Cahitanye Umwana Wiwe


General Katuma Wamala
General Katuma Wamala

General Katuma Wamala, yahoze ari umukuru w’intwaramiheto za Uganda yakomeretse, umukobwa wiwe nawe n’umudereva wiwe barasiga ubuzima mu gitero c’abantu bitwaje ibigwanisho barashe ku modoka barimwo kuri uyu wa kabiri.

Katumba Wamala asanzwe ari umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya reta hamwe no gutwara ibintu n’abantu muri reta ya Uganda. Yatewe ari hafi yo gushika imuhira iwe mu micungararo y’umurwa mukuru Kampala, akomeretswa ku kuboko, nk’uko amakuru atangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru AP ryahawe amakuru n’umuvugizi wa reta, Brigadier Flavia Byekwaso, abivuga.

Abakoze iryo bara bataramenyekana ngo bateye bari ku mapikipiki yariko akwirikira imodoka Katumba Wamala, yarimwo. Bayirasheko insoro zishika indwi igihe yari mw’ibarabara ririmwo imodoka nyinshi. Amasanamu yafatiwe mu kibanza yarasiwemwo, arerekana uyo mushikiranganji yuzuyeko amaraso, ariko arasaba kujanwa kwa muganga.

Abanyagihugu bo muri Uganda baguye mu gahundwe aho bumviye ubwo bundi bugizi bwa nabi bwerekana ko umutekano utifashe neza muri ico gihugu.

Umuvugizi w’igipolisi ca Uganda yararashwe aricwa n’abantu bitwaje ibigwanisho ari imbere y’imuhira iwe mu mwaka w’2017. Umushingamateka yarishwe mu buryo nk’ubwo mu mwaka w’2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG