Uko wahagera

Ubwongereza: Ikibazo cy'Isoko Buhuriyeho n'Ubulayi Ntikirakemuka 


Ministri w'Intebe w'Ubwongereza Boris Johnson na Ursula von der Leyen uyobora komisiyo y'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi
Ministri w'Intebe w'Ubwongereza Boris Johnson na Ursula von der Leyen uyobora komisiyo y'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi

Mu gihe Ubwongereza bwova mu muryango w’ibihugu vy’Ubulaya ata masezerano ashitsweko ku bijanye n’ubudandaji, bizogira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’ibihugu vy’i Bulaya.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson avuga ko ari ibishoboka cane ko igihugu ciwe kizova mu muryango w'ubumwe bw'Ubulaya ata masezerano ashitsweko mu vyerekeye ubudandaji.

Ivyo Boris Johnson yabitangarije hamwe n’umuyobozi mukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Ursula von der Leyen uno musi ku wa gatanu.

Ni mu gihe hasigaye indwi zitatu ngo ikiringo ntarengwako c’italiki 31 y’uku kwezi kw’icumi na kabiri gishike.

Ubwongereza bwavuye mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze, yamara bwagumye mw’isoko rusangi ry’uwo muryango mu kiringo mfatakibanza kizorangira kw’italiki 31 z’uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Impande zompi zitangaza ko zishaka gushika ku masezerano mu vyerekeye ubudandaji imbere yuko ico kiringo kirangira. Yamara izo mpande ntizashoboye kwumvikana gushika ubu.

Izo mpande zahaye umwanya w’ibiganiro gushika ku musi w’Imana ku muhingamo kugira bigire ico bishikako.

Mu gihe Ubwongereza bwova mu muryango w’ibihugu vy’Ubulaya ata masezerano ashitsweko ku bijanye n’ubudandaji, bizogira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’ibihugu vy’i Bulaya. Bizohungabanya kandi amasoko y’imitahe muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG