Uko wahagera

Ubwongereza Bwipfuza Kwongereza Imitahe muri Afurika


Theresa May aho yahura n'abanyeshure bo kwishure ryisumbuye rya Cape Town

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yavuze ko umugambi nyamukuru wiwe ari ugushira imitahe muri Afurika.

Theresa May yabitangarije mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afurika rugamije kurondera amasezerano mashasha yerekeye ubudandaji. Ni mu gihe Ubwongereza buriko bwitegurira kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Madamu May yabwiye abayoboye abikorera utwabo mu gisagara ca Cape Towm mu gihugu ca Afurika y’Epfo, ko yipfuza ko umwaka w'i 2022 wogera Ubwongereza arico gihugu ca mbere mu bihugu indwi bitunze kizoba gifise imitahe myinshi muri Afurika.

Theresa May avuga ko ashaka kubona ubutunzi bukomeye mu karere ka Afurika aho amashirahamwe akora imirimo y’ubudandaji y’Ubwongereza ashobora gukorana n’ibihugu vyo muri Afurika.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, ashaka gushiraho uburyo bushasha bwo gukorana hagati y’igihugu ciwe n’ibihugu bicuditse muri Afurika, bifatiye kuvyo izo mpande zibiri zisangiye ku bijanye n’iterambere hamwe n’umutekano.

Theresa May, ari muri Afurika y’epfo muri iki gihe, azogendera kandi ibihugu vya Nijeriya na Kenya. Nirwo rugendo rwa mbere agize mu karere ka Afurika kuva abaye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza mu mwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG