Uko wahagera

Zimbabwe: Ubwongereza Bwafatiye Ibihano Abategetsi 4 muri Polisi


Dominic Raab, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu
Dominic Raab, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu

Ubwongereza bwatangaje ibihano bwafatiye abategetsi bakomeye bajejwe umutekano bane muri Zimbabwe. Abo bategetsi bagirizwa ihohotera rikomeye ry’agateka ka muntu, harimwo urupfu rw’abantu 23 bari mu myiyerakano y’ukwiyamiriza reta.

Ivyo bihano biziririza abo bategetsi bane guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Ubwongereza, no kudashobora gushira canke gucisha amafranga yabo mu mabanki y’ico gihugu. Ivyo biri mu ntumbero yo guhimiriza abategetsi b’ico gihugu gutunganya neza ivyerekeye ubutunzi na politike. Ni vyo bihano vya mbere Ubwongereza bufashe ku giti cabwo bwonyene kuva buvuye icese mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya mu ntango z’uyu mwaka.

Abafatiwe ivyo binaho ni Owen Ncube, umushikiranganji wa reta ajejwe umutekano, Isaac Moyo, umunyamabanga mukuru w’ibiro bijejwe iperereza, Godwin Matanga, umuyobozi mukuru w’igipolisi c’igihihu na Anselem Snyatwe, ayoboye inteko zijejwe gukingira umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, Dominic Raab, amenyesha ko ivyo bihano bitanze ubutumwa butomoye ko abakoze ityozwa rigayitse ry’agateka ka muntu, harimwo iyicwa ry’Abanyazimbabwe ataco bazira, bazobibazwa.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bumenyesha ko buriko bukwirikirana abakoze amabi akomeye ku bijanye n’agateka ka muntu kuva Prezida Emmerson Mnangagwa afashe ubutegetsi mu mwaka w’i 2017.

Ayo mabi arimwo ikandamizwa ryakorewe abari mu myiyerekano mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2019 yaratumye abantu 17 bahasiga ubuzima, hamwe n’uruhagarara rw’inyuma y’amatora yo mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2018 rwahitanye abantu indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG