Uko wahagera

Ubwato bw'Ubuyapani Bugiye Gukoreshwa n'Indege z'Ingwano za USA


Gukomeza ugufashanya mu vya gisirikare hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubuyapani ni vyo vyashimikiweko igihe prezida wa Amerika Donald Trump yarangiza urugendo rw’imisi ine yari amazemwo mu Buyapani.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe yakiye Prezida Trump mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri ku bwato butwara indege za kajugujugu bw’Ubuyapani, JS Kaga. Ubwo bwato buzohindurwa vuba kugira bukoreshwe n’indege z’ingwano zakorewe muri Amerika, F-35.

Prezida Trump n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe ntibavuze mw’izina igihugu c’Ubushinwa mu majambo bashikirije. Yamara barerekanye impungenge zabo ku vyerekeye iyongerezwa ry’invugu za gisirikare z’ico gihugu mu karere ka Pasifike.

Shinzo Abe yatangaje ko ibibazo vy’umutekano bitera vyiyongera kurushiriza mu karere ka Pasifike. Kuva ingwano ya kabiri y’isi yose iheze, Ubuyapani bwateye buzera kurushiriza ku nteko za Amerika ku bijanje n’ukwivuna umwansi.

Ku musi wa mbere Prezida Trump yatangaje ko guheraheza amasezerano mashasha yerekeye ubudandaji n’igihugu c’Ubuyapani azokwigizwayo gushika amatora y’abashingamateka abaye muri ico gihugu mu kwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG