Uko wahagera

Ubuyapani Bwatanze Miliyoni 856 zo Gufasha Impunzi z'Abarundi mu Rwanda


Bamwe mu mpuzi z'Abarundi bahungiye mu Rwanda
Bamwe mu mpuzi z'Abarundi bahungiye mu Rwanda

Igihugu c’Ubuyapani cahaye ishirahamwe ryitaho Impunzi HCR mu Rwanda imfashanyo y’amafranga arenga imiliyoni 856 z'amafaranga y'u Rwanda. HCR ryabwiye Ijwi ry'Amerika ko ayo mafranga agenewe gufasha impunzi z’Abarundi cane cane ziri mw’ikambi ya Mahama.

Umuvugizi wa HCR mu Rwanda yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyo mfashanyo izokoreshwa mu kuvura impunzi, kurondera imiti ikwiye, abarwayi bikenewe ko barungikwa kwivuriza ku bitaro bikomeye mu gihugu bakarungikwe. Harimwo kandi ayazokoreshwa mu kwandika no gushira ku ntonde impunzi, abana bavutse, abahunga bashasha basaba ubuhungiro, n’abahunguka no guha izo Impunzi ibindi vya nkenerwa vyihuta kugira bakingirwe mu gateka kabo, no gukurikirana nk’abana baja kw’ishure gushika no muri za kaminuza n’ibindi.

Guhera muri uku kwezi kwa 3, abaserukira HCR mu Rwanda co kimwe n’ikigega kijewe ibiribwa kw'isi, PAM, ari na co kigaburira impunzi batangaje ko imfungurwa z’impunzi zigiye bivuye ku bukene bw’uburyo: Amafranga yahora ahabwa impunzi imwe yo kugura ivya nkenerwa yavuye ku 7000 Frw aja ku 3000 Frw.

Abarundi baganiriye n’Ijwi ry'Amerika bari mw’ikambi ya Mahama bemeje ko ukugabanirizwa ayo mafaranga vyatumye inzara iba nyinshi. Ubu HCR ryaronse imfashanyo, abo Barundi bakipfuza ko hogira icongerwa ku mfungurwa bahabwa. Yamara, umuvugizi wa HCR yabakuriye inkoni ku gishitsi ko hataragera ko imfungurwa zagabanijwe zisubira kongerezwa kuko n’ubu ayo mashiramwe mpuzamakungu amenyesha ko agikenye ivyo gutunga impunzi.

HCR ivuga ko imaze kuronka uburyo butarenga ibice 3% gusa vy’amafranga ikeneye kugira ifate mu mugongo impunzi z’Abarundi. Kuva mu kwezi kw’umunani k'umwaka uheze, abarundi barenga ibihumbi 17 baramaze gutahuka mu gihugu c’abo bavuye muri iyo kambi ya Mahama. Bamwe mu mpunzi bakemeza ko hari abafashe iyo ngingo yo gutaha kuberà inzara.

U Rwanda rusigayemwo impunzi z’Abarundi zirenga gato 58000, abarenga 47000 baba mu makambi y’impunzi, nk’uko bitangazwa na HCR.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda

Imfashanyo Ubuyapani Bwahaye Impunzi z'Abarundi Izokoreshwa Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:48 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG