Uko wahagera

Ubuyapani Bugiye Gusubiramwo Ikivuko c'i Bujumbura mu Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na Ambassaderi ImaI Masahiro, aserukira Ubuyapani mu Burundi.
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na Ambassaderi ImaI Masahiro, aserukira Ubuyapani mu Burundi.

Igihugu c’Ubuyapani cemeye gusubiramwo no kwagura ikivuko ca Bujumbura. Amasezerano yateweko umukono n’uwuserukira Ubuyapani mu Burundi hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu, kuri uyu wa gatanu.

Ico kivuko kizokwakira ibidandazwa bivuye mu bihugu vya Afrika yo hagati, Afrika y’Ubuseruko na Afrika y’Amaj’epfo, biciye mu kiyaga Tanganyika gihuza ivyo bice vyose vya Afrika. Umugambi wo kwubaka no kwagura ikivuko ca Bujumbura uzotwara uburyo burenga imiliyoni 30 y’amadorali ya Amerika, angana ni imiliyaridi zirenga 90 y’Amafranga y’Amarundi.

Igihugu c’Ubuyapani ni co cemeye gutanga ubwo buryo nk’imfashanyo izokwishurwamwo make kandi bukebuke. Jacques Bigirimana, atwara igisata kiraba urudandazwa rwo mu mazi n’ibiyaga, “Autorité Maritime, Portuaire et Ferroviaire du Burundi”, yasiguye ko uwo urimwo imigambi mikuru mikuru ine: kwubaka ahashikira n’ahabikwa amakontineri azanywe n’ubwato, aho kubika ubwato canke gukora bwapfuye, kwigizayo amazi no kwagura uburinganire bw’ikivuko, guhindukiza amazi aca mu gisagara ca Bujumbura akisuka ku kivuko, no kwubaka izindi nyubakwa hamwe no gushiramwo ibikoresho bigezweho.

Bigirima abandanya avuga ko ivyo bizotuma ikivuko gihurumbirwa ndetse abagwizatunga bakoreshe amafranga make bagereranije n’ayo bakoresha bacanye ibidandazwa mw’ibarabara kuva muri Tanzaniya n’ahandi, gutyo mu Burundi n’akarere, ubutunzi bwiyongere.

Uwo mugambi wategerezwa kuba waratanguye kuja mu ngiro iyo hataba imvururu za politike zadutse mu Burundi mu mwaka w’2015, nk’uko vyemezwa na Ambassaderi IMAI Masahiro, aserukira Ubuyapani mu Burundi. Uwo yavuze ati: " Amasezerano ya mbere twayateyeko umukono mu kwezi kwa 5 umwaka w’2014, twari tuzi ko ibikorwa bica bitangura. Ariko kubera imvururu za politike zaciye zaduka ata n’umwaka urahera, umutekano ugahungabana, vyabaye ngombwa ko umugambi uhagarara. Abakozi n’abahinga bacu baciye basubira inyuma. Mu mwaka w’2019, baragarutse, ariko n’aho nyene kubera ikiza c’umugera wa Korona, vyatumye ibikorwa bihagarara, basubira gutaha.

Hagati aho, umukuru w’igihugu mushasha yaratowe ku mwaka uheze. Turabona ko yafashe ingendo yo kugarukana amahoro n’umutekano hamwe no kunagura imigenderanire n’amakungu cane cane ibihugu vya Balaya na Amerika, n’ igihugu c’Ubuyapani kidasigaye inyuma. Ni co gituma twagarutse. Ubu turi mu bisata bitandukanye nko kurwanya inzara n’ingwara zituruka ku gufungura nabi, amagara y’abantu mu kurwanya ikiza c’umugera wa Korona, hari n’ibikoresho twatanze vyo gucungera umutekano ku mbibe. Twizeye ko uwu mubano uzofasha mu kubaho neza kw’Abarundi”.

Uwo aserukira igihugu c’Ubuyapani icicaro ciwe kiri I Kigali mu Rwanda. Kuri uyu wa kane yari yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu arashima iyo mfashanyo. Albert Shingiro, yateye umukono kuri ayo masezerano yatangaje ko ico kivugo gikuru ca Bujumbura kizogirira akamaro ibihugu bisangiye Ikiyaga ca Tanganyika cubatse ico kivuko. Ivyo bihugu biri mu miryango ya Afrika y’Ubuseruko, Afrika yo hagati na Afrika y’Amaj’epfo

Icigwa giheruka gukorwa n’ibanki y’isi yose cerekana ko ku mwaka ku mwaka, ikivuko ca Bujumbura gicako ibidandazwa bingana n’amatoni ibihumbi 95. Yamara iyi raporo yerekana ko hamwe ico kivuko gisubiyemwo ku buhinga bwa none, ibidandazwa bihaca bishobora kwiyongera incuro zirenga 3.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG