Uko wahagera

Ubutunzi bw’Amerika Bwaduze Ibice 6.5% mu Kiringo c'Amezi Abiri


Ubwinjiriro bw'ahakorera Ubushikiranganji bw'akazi muri Amerika
Ubwinjiriro bw'ahakorera Ubushikiranganji bw'akazi muri Amerika

Ibitigiri vy'abatagira akazi basaba gufashwa muri Reta zunze ubumwe z'Amerika vyagabanutse ugereranije n'uko vyari biri mu ndwi iheze. Ubushikiranganji bw’akazi muri Amerika buvuga ko naho abasaba gufashwa bagabanuste gato, ibitigiri bikiri hejuru bafatiye ku mezi abiri aheze.

Abasabwe gufashwa muri ino ndwi bagera ku bihumbi 385. Bisigura ko bagabanutseko ibihumbi 14 ugereranije n'ababisavye mu ndwi iheze. Kuva mu kwezi kwa gatanu, abakeneye ubufasha nkuko ubwo bushikiranganji bubandanya kubivuga baguma bari hagati y’ibihumbi 368 n’ibihumbi 424. Imbere y’uko ikiza ca Corona caduka mu 2019, bari ibihumbi 218.

Ubutunzi bw’Amerika muri rusangi nabwo kuva mu kwezi kwa kane gushika mu kwa gatandatu bwaduze kugera ku bice 6.5%. Ibi biharuro biri hejuru cane ugereranije n’ingene vyari vyifashe mu mezi atatu ya mbere yatanguriye uyu mwaka w’2021. Abahinga mu butunnzi naho biri uku, bagabisha ko ubwoko bushasha bwa viriusi ya Corona bwitwa Delta bushobora gusubiza inyuma ino ntambwe Amerika yari iteye.

Muri rusangi, abanyagihugu b’Amerika batagira akazi kuri ino saha bababa imiriyoni 9 n’ibihumbi 500. Reta ivuga ko hari ubuzi bugera ku miriyoni 9 n’ibihumbi 200 buri mu kuboneka, ariko agafindo kahaba kakaba ak’uko bose muri abo badakora badashobora gukora ubwo buzi buzoboneka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG