Uko wahagera

Ubutunzi bw'Afurika y'Epfo Bwagabanutse Ibice 51%


Abanyafrika y'Epfo bagize ico bavuze kw'igabanuka ry'ubutunzi bw'igihugu cabo bwagabanutse ibice 51 kw’ijana mu mezi ane aheze y’uyu mwaka w’i 2020. Ntivyari bwigere biba imbere yaho. Ni mu gihe ikiza c’umugera wa Corona cageramiye bikomeye ubutunzi bw’ico gihugu.

Abanyagihugu bavuga ko bafise ibibazo bikomeye vy’amafaranga. Benshi muri bo baratakaje ubuzi bwabo. Kuva ingingo z’ukurwanya umugera wa corona zishizwe mu ngiro, ntibabona ko ibintu bizosubira mu buryo mu bihe vya vuba.

Bamenyesha ko bizofata igihe kirekire kugira basubire mu kazi kabo, abantu basubire kugurisha ibintu vyabo nkuko vyahora n’ugusubira mu butunziz bari bamenyereye. Bavuga ko ibintu bizomera nabi kurushiriza imbere yuko bisubira kumera neza.

Igabanuka rikomeye ry’ubutunzi vyatumwe cane cane n’igabanuka rikomeye ry’imirimo mu bisata vy’inyubako, amahinguriro n’ugucukura ubutare. Imirimo muri ivyo bisata yagabanutse ku bigera ibice 70 kw’ijana.

Ubutunzi bw’igihugu ca Afrika y’epfo bwari busanzwe buri mu bibazo bikomeye mu bugira kabiri mu kiringo c’imyaka ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG