Uko wahagera

Nijeriya: Ubusuwisi Buzosubiza Nijeriya Amahera Cibwe


Izo ni miliyoni 321 z’amadolari yibwe n’uwahoze arongoye Nijeriya Sani Abacha.

Igihugu c’Ubusuwisi kigiye gusubiza igihugu ca Nijeriya amafaranga yababa imiliyoni 321 z’amadolari yibwe n’uwahoze arongoye ico gihugu Sani Abacha.

Ivyo bibaye inyuma y’amasezerano yumvikanyweko hagati y’ivyo bihugu bibiri. Umuvugizi wa Perezida wa Nijeriya Garba Shehu amenyesha ko ayo mahera ar’ayasigaye mu mutungo w’uwahoze ari Perezida wa Nijeriya Sani Abacha yari mu mabanki yo mu Busuwisi.

Shehu amenyesha kandi ko reta irongowe na Perezida Muhammadu Buhari yihaye intumbero yo kurwanya ruswa no gushengeza uwo wese azogaragara ko yiba ubutunzi bw’igihugu.

Nijeriya n’igihugu kiriko kirizigirwa n’amakungu mugihe bigaragara ko kiriko kirafasha ibindi bihugu vyo muri Afurika y’uburengero kugarukana imitungo yavyo yatwawe hanze y’ibihugu.

XS
SM
MD
LG