Uko wahagera

Ubushinwa na Bulaya Birwanira Afurika Kubera Iki?


Jean-Yves Le Drian, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu
Jean-Yves Le Drian, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu

Ubufaransa buvuga ko bwiteguriye guhiganwa n’Ubushinwa busa nk’uburiko bwigarurira ikibanza ca mbere muri Afurika.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian, mu rugendo arimwo muri Kameruni yavuze ko vyanke bikunde Ubufaransa butegerezwa kugira ikibanza ca mbere muri Afurika.

Yemereye abanyamitahe bagiranye inama i Douala ku murwa mukuru w’ubutunzi bwa Kameruni ko igihugu ciwe citeguriye imigambi izotuma yaba Afurika canke Ubufaransa vyose bihungukira na cane cane mu vy’inyubako.

Jean-Yves Le Drian yasiguye ko hari ugusa nk’ukwiyobagiza ko Ubufaransa bushoboye ibitari bike mu gisata co kubaka amabarabara n’ubudandaji, gutyo Ubushinwa bukigarurira bukebuke Afurika.

Ubushinwa haraheze igihe bwibonekeza kw’isoko rya Afurika na cane cane mu vyo kwubaka amabarabara. Hari n’umugambi ico gihugu gifise wo kuzofunya ingendo hagati y’Ubushinwa n’imigabane ya Bulaya, Aziya na Afurika biciye mu kwubaka amayira ya gariyamoshi n’ibivuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG