Uko wahagera

Ubushinwa Bwemereye Afurika Imiriyaridi 60 z'Amadorari


Ingoro yitiriwe abanyagihugu yabereyemwo inama ihuza ubushinwa n'indongozi za Afurika
Ingoro yitiriwe abanyagihugu yabereyemwo inama ihuza ubushinwa n'indongozi za Afurika

Mw'ijambo Perezida w'ubushinwa Xi Jinping yashikirije aho yariko yugurura inama y'imisi ibiri hagati y'indongozi za Afurika n'Ubushinwa, yemeye ko igihugu ciwe kizotanga umutahe ungana na miriyaridi 60 z’amadorari.

Ayo mafaranga azokoreshwa ahanini mu gisata c'ubudandaji n'inyubako mu mugabane wa Afurika.

Ikindi Perezida Xi Jinping yemeye, ni uko ubushinwa bwiteguriye gufasha ibihugu bimwe bimwe vya Afurika kuriha amadeni bifise. Naho Xi Jinping atatomoye amazina y'ibihugu bizofashwa, yavuze ko iyo nfashanyo izoba igamije gutezurira ibihugu biboshwe n'ingingo za Politike zifatiye ku madeni.

Ashikiriza iryo jambo abategetsi barenga 30 bari mu gisagara ca Beijing kiriko kiberamwo iyo nama, Xi Jinping yashimangiye ko imigambi n'ibikorwa vy'iterambere Ubushinwa bwipfuza kurangura muri Afurika bizobandanya kandi ko bidashingiye ku nyungu za politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG